Bagiye mu kirere kumarayo iminsi munani -none bashobora guherayo gushika mu 2025 - BBC News Gahuza (2024)

Bagiye mu kirere kumarayo iminsi munani -none bashobora guherayo gushika mu 2025 - BBC News Gahuza (1)

Ahavuye isanamu, EPA

Ibiranga iyi nkuru
  • Umwanditsi, Mike Wendling
  • Igikorwa, BBC News

Igihe abanyamerika babiri b'abahinga mu ngendo zo mu kirere bahagaruka bagiye mu butumwa bwo kugerageza ku gituro mpuzamakungu co mu kirere ( International Space Station ) ku wa 5 Ruheshi, baziga kugaruka iwabo mu minsi mike.

Ariko ibintu ntivyagenze uko vyari bitegekanijwe.

Barry “Butch” Wilmore na Sunita Williams n'ubu niyo bakiri, batambatamba kure cane hejuru y'isi inyuma y'amezi abiri kuva bagiye.

Ntibazi igihe bazovirayo -ahubwo bashobora no kumara ici ryose ari yo bakiri, biranashoboka ko no kuri Noweli n'umwaka mushasha bazoba bakiri mu kirere.

Wilmore, umugabo w'imyaka 61, na Williams, umugore w'imyaka 58, bagurutse n'ingendeshwa ija mu kirere Boeing Starliner baja kuri ico gituro kiri mu kirere. Nibwo bwari ubutumwa bwa mbere nk'ubwo burimwo abantu kandi bwari ubwo kugerageza kugira harabwe ingene iyo ngendeshwa ikora imbere y'uko itangura kuja irakoreshwa kenshi.

Ariko ingorane zaciye zaduka iriko iregereza gushika iyo yategerezwa kuja. Uruhande rurimwo ivyuma bituma iguma igenda rwatanguye kuva, navyo bimwe mu vyuma vyo guhindukira (gukata) birahagarara.

N'aho rero bashikiriye ico gituro co mu kirere ata ngorane bagize, bazokenera ikindi kibagarukana kw'isi mu gihe vyogaragara ko Starliner atawoyizigira kuyigarukamwo.

Mu kiganiro n'abanyamakuru co kubwira aho ibintu bigeze ejo ku wa gatatu, abategetsi ba Nasa bavuze ko ata ngingo ntabanduka zirafatwa ku cerekeye intambwe zikurikira.

''Ico dushira imbere ubwa mbere ni ukugarukana Butch na Suni muri Starliner,'' vyavuzwe na Steve Stitch, umuyobozi w'ubudandaji bw'igisata c'abaja mu kirere muri Nasa. ''Ariko twarategekanije ibikenewe kugira izindi nzira zishoboka zigume zuguruye.''

Bagiye mu kirere kumarayo iminsi munani -none bashobora guherayo gushika mu 2025 - BBC News Gahuza (2)

Ahavuye isanamu, NASA TV

Skip podcast promotion and continue reading

Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Bavuga ko inzira imwe iriko irihwezwa mu zishoboka, ari uko abo bantu babiri bobashira ku bundi butumwa bwimirije kuzorungikwa mu kwezi kw'icenda, hanyuma bakagarukanwa kw'isi n'ubwo butumwa mu kwezi kwa kabiri mu 2025.

Ubwo butumwa bwo kuri ico gituro mpuzamakungu buzogirwa n'ingendeshwa ya SpaceX Crew Dragon. Ubwa mbere ubwo butumwa bwari kugendamwo abantu bane, ariko ibibanza bibiri birashobora kuguma bigaragara bibaye ngombwa.

Bigenze uko, bisigura ko abo bahinga b'ingendo zo mu kirere boca bamara amezi umunani - aho kuba iminsi umunani - kuri ico gituro International Space Station (ISS).

Bagarutse n'ubwo butumwa bundi buzokoresha ingendeshwa ya Space X, ingendeshwa bagiyemwo yoca igaruka kw'isi yonyene ata bantu barimwo, igenzurwa n'imashini gusa.

Nasa ivuga ko bishobora gufata iyinga ryose canke rirenga imbere y'uko ingingo ntabanduka ifatwa.

Ken Bowersox, umuyobozi wa Nasa ajejwe ibikorwa vyo kuja mu kirere, yabwiye abamenyeshamakuru ko ''kuba Starliner ishobora kugaruka ata abantu barimwo bisa n'uko ari yo vyerekeza uravye uko ibintu vyagenze muri aya mayinga rimwe canke abiri aheze.''

"Nico gituma turiko turihweza cane iyo nzira kugira turabe ko twobishobora".

Ariko gukoresha ingendeshwa ya Space X kugira abo bahinga bagarukanwe koba ari akamaramaza kuri Boeing imaze imyaka iriko irahiganwa n'iyo kompanyi yindi.

Muri iyi ndwi, Nasa yarakoresheje roketi ya Space X kugira igemurire ivyo kurya n'ibindi vya nkenerwa ISS, harimwo n'izindi mpuzu z'abo bahinga babiri.

Mu kwezi guheze, mu kiganiro kigufi n'abamenyeshamakuru, bavuze ko ''bafise icizeze cane'' mu rugendo rwabo rwo gutaha kandi ko Starliner ari ''igitangaza vy'ukuri''.

  • Kugeza umugore wa mbere ku kwezi byigijweyo bishyirwa mu 2025

  • ‘Nta gihamya ko ‘aliens’ zibaho, ariko biranashoboka’ – Menya ibiri muri raporo nshya ya NASA

  • Menya Gliese 12 b, umubumbe ungana n’Isi abashakashatsi batoye

Ni ubwa gatatu Williams aja kuri ISS. Asanzwe ari umudereva w'umukukuruke yahora anyonga kajugujugu z'igisirikare kigwanira mu mazi, nawe Wilnmore yahora atwara indege z'intambara yari amaze kuja mu kirere kabiri.

''Twashikiye mu bikorwa ngaha hamwe n'abasanzwe bari kuri iki gituro,'' niko Williams yabwiye abamenyeshamakuru aho baheruka kuvugana.

''Umenga ni ugusubira i muhira. Biraryoshe gutambatamba mu kirere, Biraryoshe kuba uri mu kirere ukorana n'abasanzwe bari ku gituro mpuzamakungu,'' niko yavuze. ''Rero, biraryoshe kuba turi hano mu kirere,''

Boeing yari yizeye ko urwo rugendo rwa mbere rwa Starliner rwari kuyicira inzira yo kuzobandanya irungika ubutumwa bugenda bwongera bugaruka ku gituro mpuzamakungu. Kuva mu 2020, Space X Crew Dragon niho yemererwa gukoreshwa mu butumwa bwa Nasa.

N'ubwo abo bahinga babiri bazomara igihe kirekire mu kirere kurusha ico bategekanya mu ntango, hari abandi bari bamaze kumarayo ibihe birebire hejuru y'isi kurusha aho. Umurusiya Valeri Polyakov yamaze iminsi 437 mu kirere hagati mu myaka ya 1990.

Mu mwaka uheze, Frank Rubio yagarutse kw'isi avuye kuri ISS inyuma y'iminsi 371, igihe ca mbere kirekire umunyamerika yamaze mu kirere.

Nawe umurusiya Oleg Kononenko, nawe nyene muri iki gihe ari kuri ISS, niwe muntu wa mbere yamaze iminsi irenga 1.000 mu kirere mu kiringo c'ubutumwa bwabo.

Ariko abo banyamerika basa n'abishimiye ivyo barimwo. ''Sinidoga kuba tugiye kumara ayandi mayinga makeya,'' niko Williams yavuze mu kwezi guheze.

Kandi uko ibintu vyifashe, abo bantu babiri bashobora kumara ayandi mayinga menshi iyo mu kirere.

Bagiye mu kirere kumarayo iminsi munani -none bashobora guherayo gushika mu 2025 - BBC News Gahuza (2024)

References

Top Articles
Investigating Code Hallucinations in LLMs via Execution-based Verification
Troubleshooting a 500 Error with the 'Taco' Functionality in Web Design App
Ffxiv Act Plugin
Ohio Houses With Land for Sale - 1,591 Properties
Ffxiv Shelfeye Reaver
Trabestis En Beaumont
Frank Lloyd Wright, born 150 years ago, still fascinates
2024 Fantasy Baseball: Week 10 trade values chart and rest-of-season rankings for H2H and Rotisserie leagues
877-668-5260 | 18776685260 - Robocaller Warning!
Stl Craiglist
Pickswise the Free Sports Handicapping Service 2023
Craigslist Nj North Cars By Owner
Barstool Sports Gif
OnTrigger Enter, Exit ...
Sitcoms Online Message Board
Jcpenney At Home Associate Kiosk
Tcu Jaggaer
What Was D-Day Weegy
W303 Tarkov
More Apt To Complain Crossword
Fredericksburg Free Lance Star Obituaries
The Murdoch succession drama kicks off this week. Here's everything you need to know
Fairy Liquid Near Me
Procore Championship 2024 - PGA TOUR Golf Leaderboard | ESPN
Carolina Aguilar Facebook
Why Does Lawrence Jones Have Ptsd
Wsop Hunters Club
What Is The Lineup For Nascar Race Today
Feathers
Danielle Ranslow Obituary
Mynahealthcare Login
The Collective - Upscale Downtown Milwaukee Hair Salon
Enduring Word John 15
Summoners War Update Notes
Craigs List Jax Fl
2024 Coachella Predictions
Trebuchet Gizmo Answer Key
Banana Republic Rewards Login
Great Clips Virginia Center Commons
Avance Primary Care Morrisville
Is Ameriprise A Pyramid Scheme
Blue Beetle Showtimes Near Regal Evergreen Parkway & Rpx
Mybiglots Net Associates
Online-Reservierungen - Booqable Vermietungssoftware
Enr 2100
Gabrielle Abbate Obituary
Sherwin Source Intranet
Myra's Floral Princeton Wv
Iron Drop Cafe
Every Type of Sentinel in the Marvel Universe
Sam's Club Fountain Valley Gas Prices
Twizzlers Strawberry - 6 x 70 gram | bol
Latest Posts
Article information

Author: Delena Feil

Last Updated:

Views: 6297

Rating: 4.4 / 5 (45 voted)

Reviews: 84% of readers found this page helpful

Author information

Name: Delena Feil

Birthday: 1998-08-29

Address: 747 Lubowitz Run, Sidmouth, HI 90646-5543

Phone: +99513241752844

Job: Design Supervisor

Hobby: Digital arts, Lacemaking, Air sports, Running, Scouting, Shooting, Puzzles

Introduction: My name is Delena Feil, I am a clean, splendid, calm, fancy, jolly, bright, faithful person who loves writing and wants to share my knowledge and understanding with you.